Uko wahagera

Ubuyapani Busaba Ubutungane ku Mupfasoni Yishwe n'Umunyamerika


Perezida wa Amerika, Barack Obama ariko aramukanya n'umushsikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe
Perezida wa Amerika, Barack Obama ariko aramukanya n'umushsikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, yabwiye perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, kw’igihugu ciwe kidashimishwa na gato n’ivyatangajwe n’uwahoze ari umusirikare w’umumarine w’Umumyamerika ko yishe umupfasoni w’Umuyapanikazi w’imyaka mirongo ibiri, hanze y’ikibanza c’igisirikare ca Amerika mu gisagara ca Okinawa.

Shinzo Abe, avuga ko ata majambo y’ukuvuga afise, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, inyuma yuko aganiye na perezida Obama, amaso mu yandi ,ku vyerekeye iyicwa ry’uwo mupfasoni, imbere y’inama y’ibihugu indwi bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi, izobera mu gisagara ca Ise Shima. Abe avuga kw’igihugu cose c’Ubuyapani caguye mu gahundwe bikomeye, kubera iyirwa ry’umupfasoni w’umuyapanikazi w’imyaka mirongo ibiri.

Perezida Obama, yatangaje ko yerekanye umubabaro ukoye, kw’iyicwa ry’uwo mupfasoni mu gisagara ca Okinawa.

Yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zibabazwa n’ubwicanyi ubwaribwo bwose bushobora kuba bwarabaye, canke bwakozwe n’abasirikare, canke abakozi abaribo bose b’Abanyamerika.

Perezida Obama, n’umushikiranganji wa mbere, Shizo Abe, baganiye ivyerekeye iyicwa vry’uwo mupfasoni, imisi mikeyi inyuma yuko abategetsi b’Ubuyapani bbahagaritse, Kenneth Franklin Shinzato, Umunyamerika w’imyaka mirongo itatu n’ibiri yigeze kuba umusirikare w’umumarine. Avurwako yemeye ko yasogose imbugita yongera araniga uwo mupfasini yitwa, Rina Shimabukoro, hanyuma ata ikiziga ciwe mw’ishamba, hafi y’ikibanza c’igisirikare ca Amerika aho yakora.

Perezida Obama, yatangaje kw’azobandanya gufasha mw’itohoza, kuri ubwo bwicanyi, kugira ubutungane bwubahirizwe, hisunzwe amategeko y’igihugu c’Ubuyapani.

XS
SM
MD
LG