Uko wahagera

Ubuhindi: Ubutungane ku Munyekongo Yishwe


Ubuhindi kw'ikarata
Ubuhindi kw'ikarata

Abategetsi b’igihugu c’Ubuhindi barahumurije kw’ubutungane buzoba ku munyeshule w’umunyekongo yakubiswe gushika aho apfa, ku murwa mukuru, New Delhi, ku musi wa gatanu w’indwi irangiye.

Umushikiranganji ajejwe ibibazo vyo hanze y’igihugu, Sushma Awaraj, yanditse ku rubuga rwa Twitter, uno musi ku wa gatatu, avuga ko yasavye mugenziwe, Gen V.K. Singh, kubobana n’abayoboye abaserukira ibihugu vya Afrika, ku murwa mukuru New Delhi, kugira abahumurize ku vyuko Reta y’Ubuhindi yiyemeje, ku bijanye n’umutekano w’Abanyafrika bari mu gihugu.

Amenyesha kw’ashaka guhumuriza abanyshule b’Abanyafrika bari mu Buhindi, kw’ivyabaye ku munyeshule w’umunyekongo bibabaje . Ko vyakozwe n’inkozi z’ikibi.

Masunda Kitada Oliver, umunyeshule w’umunyekongo w’imyaka mirongo ibiri n’itatu, amaze imyaka itandatu aba aku murwa mukuru w’Ubuhindi, New Delhi, yatewe n’abantu batatu, ku musi wa gatanu w’indwi irangiye. Bamukubise ibuye mu mutwe. Oliver yasandavye mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu, nkuko bitangazwa n’igipolisi.

Babiri mu bikekwa baratawe mu mvuto, mu gihe uwugira gatatu atarafatwa.

Urupfu rwa Oliver, ni bumwe mu bwicanyi kenshi bugirwa ku Banyafrika mu Buhindi.

Umurwi w’abaserukira ibihugu vyo muri Afrika mu Buhindi bariyamiriza ibitero bigirwa ku Banyafrika. Basaba Ubuhindi gukingira kurushiriza Abanyafrika baba ku butaka bwayo.

XS
SM
MD
LG