Uko wahagera

Malawi: Ba Nyamwema Baratabarizwa


Mu gihugu ca Malawi, abahurikiye mu mashirahamwe aharanira uburenganzira muntu bari mu myiyerekano basaba inama nshingamateka y’ico gihugu gushiraho amategeko akingira banyamwema.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje mu kwezi guheze ko ba nyamwema muri Malawi bashobora guherengetera mugihe atacokorwa kugira ubwicanyi bakorerwa babaronderako ibihimba vy’umubiri wabo butohagarara.

Banyamwema bashika indwi baramaze kwicwa muri Malawi mu myaka ibiri iheze. Nta numwe mubabica arafatwa ngo ashengezwe imbere y’ubutungane.

Abanyamwema muri Malawi hamwe no mu bindi bice vyo muri Afrika bama bahizwe buhongo ngo bicwe bivanye n’abantu babwiwe ko ibihimba vy’imibiri yabo bitanga amahirwe hamwe n’ubutunzi.

XS
SM
MD
LG