Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko: Abigisha ba za Kaminuza Basaba Imishahara Yabo


Sudani kw'ikarata
Sudani kw'ikarata

Abigisha muri za kaminuzz zitanu za Reta muri Sudani yo mu bumanuko, bariko bagabisha kugarariza akazi, ku musi wa gatatu, kiretse Reta ibahemvye imishahara yabo baheraniwe, mu kiringo c’amezi atatu, n’utundi duhembo two mu kiringo c’umwaka urangiye.

Icegera c’umunyamabanga ajejwe amashule kaminuza, muri Sudani yo mu bumanuko, avuga ko ubushikiranganji bujejwe amashule kaminuza buzi ibisabwa n’abakozi ba za kaminuza za Reta, yamara ko Reta ata mafranga igira y’ukubahemba.

Uwuserukira amashule kaminuza ye Reta atanu, muri Sudani yo mu bumanuko, yatumyeko ikiganiro n’abamenyeshamakuru, ku murwa mukuru, Juba, ejo ku musi wa kabiri, kugira atangaze ivyerekeye ukugarariza akazi.

Philip Finish Apollo, umuvugizi w’ishirahamwe ry’abakozi b’amashule kaminuza ya Reta, muri Sudani yo mu bumanuko, avuga ko abigisha biyemeje kugarariza akazi kw’italiki 25 z’ukwezi kwa gatanu. Bafashe ingingo y’ukuguma imuhira iwabo, gushika ubushikiranganji bujejwe ikigega burishe amadeni yose bubafitiye.

XS
SM
MD
LG