Uko wahagera

Abatalibani Baritegura Ubuyobozi Bushasha


Isanamu ya Mullah Akhtar Mansoor kuri pasiporo
Isanamu ya Mullah Akhtar Mansoor kuri pasiporo

Mu gihe Abatalibani bo muri Afghanistani bataremeza canke ngo bahakane icese, urupfu rw’umuyobozi wabo, Mullah Mansoor, mu gitro c’indege itagira umudereva ya Reta zunze ubumwe za Amerika, basa n’abariko bitegurira ubuyobozi mfatakibanza.

Umwe mu bayobozi b’Abatalibani yasavye abarwanyi kutitaho amakuru yerekeye urupfu rwa Mansour.

Amenyesha kw’Abatalibani batazoreka umwansi ngo abacemwo ibice, canke ngo abace inkokora.

Amenyesha kw’Abatalibani bazobandanya gukomera, k’wbayobozi n’abanywanyi b’umuhari wabo biyumvira kumwe.

Uwundi muyobozi w’Abatalibani, mw’itangazo ritandukanye, avugako kw’inguvu z’umuhari wabo zitazogabanuka, naho amakuru yerekeye urupfu rw’umuyobozi mukuru, Mullah Mansour, yoba ari ay’ukuri.

Avugako kw’umuhari w’Abatalibani utagendera ku muntu numwe, ko ushobora kuronka abandi bawusubirira mu buyobozi. Avuga ko urufpu rwa Mansoor, hamwe rwokwemezwa, ivyo vyoha inguvu Abatalibani.

XS
SM
MD
LG