Uko wahagera

Burundi: Agakeka ka Muntu Ntikorohewe


Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu (Fédération Internationale des droits de l’homme, FIDH) ryemeza ko abantu bababa 800 aribo babuzwe irengero ryabo. Iryo shirahamwe rivuga ko ivyo ari kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza.

Imiryango abayo bazimiye ubu ntigira ayicira n’ayimira. Imiryango yatakaje abantu imenyesha ko yarondeye mu bibanza vyose bizwi vyo gufungiramwo abantu ariko irahebura. Mbere bamwe banabwiwe gutanga amafaranga nk’incungu ariko biba impfagusa. Abazimangana s’abanyepolitike gusa canke abazira imvo za politike bonyene.

Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ushira inyuruzwa ry’abantu ku rutonde rw’ibikorwa bihohotera agateka ka zina muntu. Jean Baptiste Baribonekeza, umukuru wa CNIDH amenyesha ko inzego zibijejwe zitegerezwa gukora uko zishoboye kugira iyo ngendo ihagarare. Biri mw’itangazo uyo mugwi wasohoye kuwa gatanu w’indwi iheze.

Kuva mu kwezi kwa kane gushika mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka w’i 2015, umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu wemeza ko abantu 19 banyurujwe baburwa irengero ryabo.

Igipolisi kimenyesha ko imwe mu migwi y’abantu banyuruza abandi yasambuwe mbere na bamwe mu bari bafashwe n’iyo migwi bayikurwa mu vyara. Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye ahamagarira umuntu wese ajimije uwiwe kwihutira ku gipolisi kimwegereye kubivuga kugira kimufashe kurondera.

Haraheze ukwezi ishirahamwe ryigenga ryitwa Focode ritanguje isekeza ryitiriye « Ndondeza ». Murico kiringo, ku musi ku musi iryo shirahamwe rivuga ko riguma rironka abantu baryitura babuze irengero ry’ababo. Ubu rivuga ko rishitse ku bagera ku 30.

Umunyamakuru w'Ijwi rya Amerika mu Burundi Eloge Willy Kaneza, Bujumbura ni we wakurikiranye iyi nkuru.

XS
SM
MD
LG