Uko wahagera

Yemeni: Ibombe Zishe Abashika 45


Mu gihugu ca Yemeni, abantu bashika 45 barishwe abandi benshi barakomeretswa na bombe zibiri zaturikijwe n’abarwanyi b’umuhari reta ya Kiyisilamu kuwa mbere.

Ibombe ya mbere yaturikiye ku kigo c’igisirikare ca Yemeni kiri mu bumanuko bw’igisagara ca Aden, ahasanzwe hinjirizwa abasirikare bashasha.

Benshi mubo yahitanye bari imikangara yari igiye kwinjizwa mu gisirikare.
Umuhari wa leta ya Kiyisilamu watangaje ko ariwo wakoze ico gitero.

Ico gitero ca mbere cakurikiwe mur’ako kanya nyene n’iyindi bombe yaturikiye hafi y’ikambi ya gisirikare y’ahitwa Badr.

Abasirikare ba Yemeni bigaruriye igisagara ca Aden mu mwaka uheze, ariko hama habaye ugutana mu mitwe hagati y’abasirikare ba reta hamwe n’imirwi y’abarwanyi ba leta ya Kiyisilamu na al-Qaida.

XS
SM
MD
LG