Uko wahagera

Ekleziya Katolika na Isilamu Bagiye Gusubiza Hamwe


Sheik Ahmed el-Tayyib, Imamu w'umusigiti wa Al-Azhar w'i Kayiro muri Misiri , ariko ahana utuganuke na Papa Francis
Sheik Ahmed el-Tayyib, Imamu w'umusigiti wa Al-Azhar w'i Kayiro muri Misiri , ariko ahana utuganuke na Papa Francis

Umwungere wa Ekleziya Katolika Papa Francis, yarabonanye n’umu Imamu arongoye umusigiti wo ku murwa mukuru Kayiro wa Misiri.

Uwo mubonano wabaye mw’ibanga hagati ya Papa Francis na Sheik Ahmed el-Tayyib wabaye kuwa mbere I Vatikano, utumbereye kunagura ubucuti hagati y’idini rya Isilamu na Ekleziya Katolika.

Vatikano yatangaje ko abo bategetsi babiri bagiranye ibiganiro vy’ingirakamaro.

Iyo nama ibaye hari haheze imyaka itanu ata cuka ciza cari hagati ya Ekleziya Katolika n’abategetsi b’uwo musigiti wa Al –Azhar.

N’inyuma yaho Papa Benedigito wa 16 yahoze arongoye Katolika atangarije mu mwaka w’2006 ko idini rya Isilamu rirangwa n’ubwicanyi, ko ryica abo mw’idini ry’abakirisitu.

Imigenderanire hagati y’idini rya Isilamu na Ekleziya Katolika yatanguye kwongera kunaguka mu mwaka w’2013.

N'igihe uwo mu Imam el-Tayyib, yakeza Papa Francis igihe atorewe kurongora Ekleziya Katolika, bitanga icizere ko ibintu bigiye gusubira mu buryo.

Papa Francis yaciye atangaza ko icihutirwa muvyo agiye gukora ari ukugarukana ubwumvikane hagati y’idini rya Isilamu na Ekleziya Katolika.

XS
SM
MD
LG