Uko wahagera

Juba: Igitoro Gike Cyahagaritse Ubuzima


Abagendesha amapikipiki batondete igitoro ku mugwa mukuru Juba, muri Sudani y'Epfo.
Abagendesha amapikipiki batondete igitoro ku mugwa mukuru Juba, muri Sudani y'Epfo.

Ibitaro bikuru vyo k’umurwa mukuru wa Sudani y’epfo Juba vyahagaritse ibikorwa mugihe imashine yahora isahiriza mu gutanga umuyagankuba itakironka igitoro bivanye n’ubukene bw’igitoro buri mur’ico gihugu.

Mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka niho ibintu nk’ivyo vyaba, abarwayi 10 barahasiga ubuzima kuko hari ibikorwa abavuzi canke abaganga batashobora gukora.

Intambara imaze imyaka ibiri n’igice mur’ico gihugu yatumye ubutunzi buyangara. Igihugu ca Sudani y’epfo gisanzwe cimbura ibitoro ariko kubwo ubukene bw’amahinguriro yaco bituma n’uburyo buke reta ironka ibukoresha mu kugura igitoro hanze.

Abanyagihugu batari bake basaba reta nshasha mfatakibanza iheruka gushingwa gutorera umuti ico kibazo.

XS
SM
MD
LG