Uko wahagera

Afganistani: Umugwanyi Yari Yanse Ibiganiro Yishwe


Umugwi waba Taliban mu gihugu ca Afganistani wabuze umukuru wawo wishwe n'igitero co mu kirere cagizwe na Leta zunze ubumwe za Amerika.

Urupfu rwa Mullah Akhtar Mansoor rwemejwe na Perezida Barack Obama aho yavuga ko uwo mugwi wabandanije gutegura no kugira ibitero kubanyamerika n’inani zitandukanye z’abasirikare mpuzamakungu.

Kuri uno wa mbere mu kiganiro n’abamenyeshamakuru i Hanoi mu gihugu ca Vietnam, Obama niho yavuga k’urupfu rw’uwo mukuru w’abatalibani Mansoor yari yaranse ibiganiro na reta ya Afganistani kugira ubwicanyi bumaze guhitana abagabo, abakenyezi, n’abana babanyeafganistani buhagarare.

Obama asaba umugwi w’abaTalibani kuja hamwe na reta ya Afganistani mubiganiro vy’umwumvikano bishobora kuzana amahoro n’umutekano birama.

Perezida wa Amerika abivuze inyuma y’umusi umwe ibiro vy’iperereza vya Afganistani vyemeje icese ko Mansoor yishwe n’igitero co mukirere cagizwe na Amerika muri Pakistani hafi y’umupaka na Afganistani.

Igihugu ca Pakistani kivuga ko camenyeshejwe igigwa ry’ico gitero kubutaka bwaco inyuma yaho bibereye, bakaba baciye bashavurira cane reta ya amerika kuba yarengeye imbibe z’igihugu cabo.

XS
SM
MD
LG