Imyiyerekano yo kwiyamiriza ibiro bijejwe gutunganya amatora muri Kenya yabaye mubisagara bitatu vy’igihugu kuri uno wa mbere.
Ibinyamakuru bitanganza ko igipolisi carashe umwe mu bari muriyo myiyerekano mugisagara kiri muburengero bw’igihugu ahitwa Kisumu, uwo muntu aritaba Imana.
Phillip Orwa umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Standard Newspaper, yabwiye Ijwi rya Amerika ko I kisumu abantu bane batwawe kwa muganga.
Muri iyo myiyerekano igipolisi cateye ivyuka bibaba mumaso congera kirafata abategetsi bamwe bamwe bayoboye iyo myiyerekano mu bibanza vyo gutoreramwo bita IEBC I Mombasa n’i Kakamega.
I Nairobi, igipolisi kijejwe umutekano mu myiyerekano cari muri ivyo bibanza vya IEBC gikoresha ivyuka bibaba mumaso mu kwomora utugwi duto duto twari duhari twiteguriye imyiyerekano igizwe n’urugendo rwari ruteguwe kugigwa kuri uno wambere.
Abategetsi bavuga kw’iyo myiyerekano yari iteye kubiri n’amategeko.