Uko wahagera

Indoneziya: Ibirunga Vyahitanye 6


Abategetsi ba Indoneziya bamenyesha ko abantu bashika batandatu aribo bapfuye bahitanwe n’ibirunga vyateye mur’ico gihugu.

Ivyo birunga vyadutse ku musi wa gatandatu mu misozi y’ahitwa Sinabung mu buraruko bw’intara ya Sumatra.

Abategetsi bamenyesha ko ivyo birunga vyabandanije n’ejo kuwa mungu, bituma bitorohera abasanzwe bari mu bikorwa vyo kurondera abo borokora.

Umusozi wa Sinabung uri mu birunga birenga 120 bishobora kwiha inkumbi umwanya uw’ariwo wose mur’ico gihugu ca Indoneziya.

XS
SM
MD
LG