Uko wahagera

USA: Umutekano Uzakomezwa ku Bibuga vy'Indege


Igihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika kiriko kirasubira gukomeza umutekano w’abiyunguruza bakoresheje indege.

N’inyuma y’aho indege y’ikompanyi ya Misiri igwiriye mw’ibahari mediterane mu ndwi iheze ihitana abantu 66.

Naho icahitanye iyo ndege kitaramenyekana, abashingamateka b’Amerika bariko basaba ko ibikorwa vyo kugenzura ivyo abantu bitwaje ku bibuga vy’indege muri Amerika vyokorwa ata gusamara kandi bikihuta.

Abashingamateka b’Amerika batunga urutoke umuhari wa Reta ya Kiyisilamu kuba ariwo uri inyuma y’ikororwa ry’indege ya Misiri mu ndwi iheze.

Mugihe igihe c’ici gisa n’igishitse aho Abanyamerika bagiye kugira ingendo nyinshi haba hagati mu gihugu canke hanze, ibiro vya Perezida Obama, Maison Blanche bitanga ubutumwa ko umutekano ariwo ukwiye kuza imbere ya vyose.

XS
SM
MD
LG