Uko wahagera

Iraki: Ibitero Vya Reta Kuri Fallujah Birimirije


Umusrwanyi mu baterekwa Reta ya Iraki, mu gisagara ca Fallujah
Umusrwanyi mu baterekwa Reta ya Iraki, mu gisagara ca Fallujah

Igihugu ca Iraki camenyesheje ko abasirikare baco bagiye kuja kugaba ibitero mu gisagara ca Fallujah kugira bongere kucigarurira mugihe kimaze imyaka irenga ibiri mu minwe y’umuhari wa Leta ya Kiyisilamu.

Ivyo vyashikirijwe kuwa mungu n’umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Haider al-Abadi. Ariko ntiyatomoye igihe ico gitero kizobera.

Igisagara ca Fallujah kiri ku bilometero 50 uvuye ku murwa mukuru Badghad mu gice c’uburengero.

Ariko ayo makuru asa n’ayagaragaza ko Fallujah arico Iraki gisagara yiteguriye gutangura gufata imbere y’igisagara ca Mosul naco nyene gisanzwe kiri mu minwe ya Leta ye Kiyisilamu.

Aho ni mugihe igisirikare ca Amerika gisanzwe gifise abahanuzi hamwe n’abamenyereza abasirikare ba Iraki baharurwa mu majana, bo bipfuza ko Mosul arico cobanza gufatwa.

Abasivile baba mur’ico gisagara ca Fallujah baramaze gutegurwa n’abategetsi ba gisirikare ba Iraki kuva mur’ico gisagara.

Imiryango itari mike y’ababa I Fallujah iramaze gukura meza, ariko abategetsi ba Iraki bamenyesha ko umuhari wa leta ya Kiyisilamu uriko urabazibira ngo ntibahunge.

XS
SM
MD
LG