Uko wahagera

Umukozi wa Croix Rouge Yiciwe i Bujumbura


Umukozi w’ishirahamwe ritabara imbabare mu Burundi Croix Rouge yarishwe arashwe mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha abajejwe intwaro muri karitiye Mirango ya kabiri aharasiwe uwo mugabo avuga ko ivyo vyabereye hafi y’urugo rwiwe igihe yar’atashe.

Uwo yaraye yishwe azwi kw’izina rya Bénoit Nizigiyimana. Yarasiwe imbere y’urugo rwiwe kw’izero ya mbere inomero ya mbere uvuye kw’ibarabara rya 14 muri Mirango ya kabiri.

Amakuru twakuye aharasiwe uwo yahora atabara imbabare avuga ko abantu batamenyekanye bitwaje ibigwanisho bamutegereye nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro kur’uyu wa gatanu. Abo bagizi ba nabi kandi, baranakomerekeje umukenyezi wiwe bamuteye gerenade.

Uwo muvukanyi w’umuhisi Nizigiyimana n’ababanyi bibaza ico uwabo yaraye azize. Eliya Ntirisaba avuga ko uwo bavukana ata vya politike yajamwo kiretse umwuga wiwe wo gutabara imbabare.

Aho Nizigiyimana yiciwe hari inyubakwa z’intwazangabo mu gipolisi no mu gisirikare. Ababuze bagatangazwa n’ingene uwaraye amwishe yigiriye ubudoge atacamira .

Iruhande y’ivyo, aho mu Mirango harangwa amakomite ajejwe gucungera umutekano. Abaraye biciwe uwabo n’ababanyi bibaza iyo abo bama bahaye agahembo bavuga ko babacungereye bari bakamanganiye.

Kur’iyo myidogo Karori Nduwumwe arongoye karitiye Mirango ya kabiri yemeza ko amakomite y’umutekano akora. Ariko agasaba abo arongoye nabo nyene kwirarira.

Mu gipolisi c’Uburundi, Moise Nkurunziza icegera c’umuvugizi w’urwo rwego yabwiye Ijwi ry’Amerika ko naho atawurafatwa mu baraye bagandaguye uwo mukozi w’ishirahamwe ritabara imbabare mu Burundi Croix Rouge amatohoza yatanguye.

XS
SM
MD
LG