Uko wahagera

ICG Irahanura Uburundi Kwemera Ibiganiro


Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gukinga amatati kw’isi International Crisis Group, ryasohoye icegeranyo cerekana ivyo cise inkurikizi z’ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre Nkurunziza.

Iryo shirahamwe ridomako urutoke ingorane ziri mu gihugu, rikanahanura ivyokorwa kugira Uburundi busubire kwogorora.

Murico cegeranyo, International Crisis Group yerekana ko Abarundi isinzi bahunze igihugu, ko mu Burundi haba ingwano hagati ya Reta ya Nkurunziza n’imirwi itaramenyekana neza, ko ubutunzi n’umutekano vyagumye bitituka naho Reta y’i Bujumbura yo ivuga ko vyose bigenda neza.

International Crisis Group igashimikira cane cane yuko naho amasezerano y’I Arusha yasa nayari yaratoreye inyishu ikibazo c’amoko mu Burundi, ko ibintu vyasubiye ibuti.

Iryo shirahamwe rihanura Reta kwemera ibiganiro vy’ubaka bitarimwo amacenga, kureka ibinyamakuru vyigenga n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike gukora mu mwidegemvyo be no guhagarika gutoteza abo bitavuga rumwe.

Imigambwe itemera Reta ihari, ngo yokwiyubara gukoresha inguvu, ikitwararika nyabuna ibiganiro vyubaka hamwe na Reta kugira amatati ahere.

International Crisis Group isaba kandi ko amashirahamwe mpuzamakungu, ONU, Ubumwe bwa Afurika, umuryango w'ibihugu vyo mubuseruko bw'Afurika be n’ubumwe bwa Buraya kuvuga rumwe babanje gushiraho umurwi mpuzamakungu uhagarikira ibiganiro.

Muri icyo cegeranyo uwo muryango uvuga ko hakwiye kandi umurwi uhurikiyemwo CNARED, FNL be na CNDD-FDD kugira batosorere hamwe amasezerano ya Arusha babone kuyumva kumwe.

International Crisis Group, iheraheza isaba ibihugu n’amashirahamwe yahagaritse infashanyo mu Burundi gusuzuma neza ko amashirahamwe akironka bene izo mfashanyo ataho ahengamiye.

Ubumwe bwa Bulaya busabwa kandi kudacisha muri Reta amafaranga ahabwa abasirikare barungitswe muri somaliya, eka mbere ngo bukarondera ibindi bihugu vyosimbura Uburundi kugira abasirikare b’Uburundi batahukanwe iwabo.

XS
SM
MD
LG