Uko wahagera

Sudani Isaba Visa ya Perezida al-Bashir


Perezida Omar el-Bashir wa Sudani
Perezida Omar el-Bashir wa Sudani

Reta y’igihugu ca Sudani yizeyeko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, izoha visa perezida Omar al-Bashir, kugira ashobore kuja mu nama rusangi y’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, yo muri uyu mwaka, mu gisagara ca New York.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Reta ya Sudani, Ahmed Bilal, avuga ko Bashir, yatumiwe n’umunyamabanga mukuru Ban Ki-moon, kwitaba inama rusangi y’ishirahamwe O-N-U, mu kwezi kw’icenda.

Avuga ko Amerika, itegerezwa nk’igihugu gifise icicaro c’ishirahahamwe, O-N-U, guha visa Bashir.

Umushikiranganji Bilal, avuga ko ubwa nyuma Bashir, aherutse gusaba visa atayironse.

Avuga ko muri iki gihe yatumiwe, bibaza ko yotegerezwa guhabwa visa kuko ategerezwa kwitaba ibikorwa vy’iryo shirahamwe mpuzamakungu.

Mu ndwi iheze, Bashir, yaritavye ibirori vy’ukurahira kwa Perezida Yoweri Museveni wa Ouganda, i Kampala. Abaserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika baravuye muri ivyo birori inyuma yuko Museveni, avuzeko sentare mpuzamakungu mpanavyaha igizwe n’abantu ata kamaro bafise. Akaba yatangaje ko atagishigikiye iyo sentare.

XS
SM
MD
LG