Uko wahagera

Burundi: USA Yatanze Imfashanyo ya Rusehabaniha


Kuruyu wa gatanu, Ambasade ya Amerika mu Burundi yahaye imfashanyo y'umuduga rusehabaniha (Ambulance) n'imashini itanga umuyagankuba ibitaro bikuru vy'abasirikare vyo mu Kamenge.

Umuyobozi mukuru w'ivyo bitaro amenyesha ko iyo mfashanyo ije hageze kuko nk'akarorero hari abagwayi benshi baba bakenye kuva mu bibanza vya kure bari kumwe n,abaganga bitakunda ko baza badafise ingene bunguruzwa.

Iyi mfashanyo itanzwe mu mugambi w'imyaka itanu ambassade ya Amerika mu Burundi ifasha ivyo bitaro mu ntumbero y'ukwitaho abagendana umugera wa SIDA, kurinda bavyeyi bagwaye kwanduza abana babo n'ukubakurikirana.

Iyo mashini itanga umuyagankuba iri mu bwoko bw’imashini zigezweho zidasuma iyo ziriko zirakora.

Agaciro kayo biri kumwe n’imodokari ya rusehabaniha karenga imilioni 320 z’amafaranga y’amarundi. Izo mfashanyo ziyongera ku nyubakwa nshasha Amerika yafashije kugira zisanurwe n’ikibanza c’ukurindiriramwo mu gihe abavyeyi baje gupimisha imbanyi canke abagendana umugera wa SIDA baje kwivuza n’ukwisuzumisha.

Uwuserukira Amerika mu Burundi Ambasaderi Dawn Liberi yamenyesheje ko iyi mfashanyo izogirira akamaro ibitaro bikuru vy’abasirikare vyo mu Kamenge eka n’abandi bose bavyitura.

"Iyi mashini itanga umuyagankuba, imodoka rusehabaniha n’inyubwakwa nshasha z’ugukoreramwo bizokongereza bimwe biboneka ubushobozi bw’abahakorera, imiryango n’abanyagihugu muri rusangi kugira bavurwe neza. Ibitaro vy’abasirikare vyo mu kamenge bisanzwe bivura ibice 70 ku ijana vy’abanyagihugu b’i Bujumbura batoshoboye kuronka ubuvuzi nyabwo.

Ikindi naco n’uko abakorera kuribi bitaro baronsa ubutabazi bukenewe bwa mbere abanyagihugu mu gihe hateye ibiza »

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi nawe nyene yunze mury’umupfasoni Liberi. Emmanuel Ntahomvukiye yanibukije ko Leta zunze ubumwe za Amerika zifitaniye imigenderanire myiza mugufashanya muvya gisirikare n’Uburundi mu bisata bitandukanye.

"Ugufashanya hagati y’Uburundi na Amerika kwama gutera kujimbere haba mubijanye n’ugutanga ubumenyi n’izindi mfashanyo z’ubwoko butandukanye ku basirikare bacu."

Umuyobozi mukuru w’ibitaro bikuru vy’abasirikare Liyetona Koloneli Marc Nimburanira nawe avuga ko imodoka rusehabaniha ije yiyongera kuri imwe ibitaro vyahorana yarikenewe rwose.

XS
SM
MD
LG