Uko wahagera

Ubufaransa Bubandanya Kugaba Muvy’Umutekano


Igihugu c’Ubufaransa congereje amezi abiri yo kuguma mu bihe bidasanzwe mugihe himirije kuba inkino zihambaye mur’ico gihugu.

Ico gihugu catanguye kwinjira mu bihe bidasanzwe kuva mu kwezi kwa cumi na kumwe inyuma yaho habereye ibitero vy’iterabwoba I Paris vyahitanye abantu 130.

Umukuru w’urwego rw’iperereza mu Bufaransa, France Patrick Calvar, yabwiye abashingamateka mu ndwi irangiye ko ico gihugu kibangamiwe n’imigwi y’iterabwoba ya Leta ya Kiyisilamu na al-Qaida.

Calver atewe ubwoba nuko abakora iterabwoba bariko bategura kugaba ibindi bitero vy’ubundi bwoko mu bibanza bihuriramwo abantu benshi.

Hagati y’amataliki ya 10 z’ukwezi kwa gatandatu na 10 z’ukwezi kw’indwi Ubufaransa buzokwakira inkino z’imigwi ya Bulayi y’umupira w’amaguru mu bisagara cumi vyo mur’ico gihugu.

Abantu bashika imiliyoni zibiri nibo bitezwe kuja gushigikira imigwi yabo mur’izo nkino.

XS
SM
MD
LG