Uko wahagera

Zambiya: Amatora Yimirije Ashobora Kwibwa


Perezda wa Zaimbiya, Edgar Lungu
Perezda wa Zaimbiya, Edgar Lungu

Imigambwe itavuga rumwe na Reta, mu gihugu ca Zambiya, yiyamirije ingingo y’uguhitamwo isosiyete ikorera muri Dubai gukora amakarata y’itora. Abayoboye iyo migambwe bamenyesha ko ruswa n’imigambi y’ukwiba amatora yagize uruhara muri iyo ngingo.

Ivyo imigambwe itavuga rumwe na Reta yabitangaje inyuma yuko komisiyo y’amatora muri Zambiya, itangaje ko sosiyete, Al Ghurair Printing and Publishing, yatsindiye kontra y’ugukora amakarata y’itora, azokoreshwa mu matora yo kw’italiki cumi n’imwe y’ukwezi kw’umunani, muri uyu mwaka.

Jack Mwiimbu, ayoboye ibibazo bijanye n’amategeko mu mugambwe, UNITED Party for National Development, mu mpfunyapfunyo, UPND, yagirije komisiyo y’amatora ko iriko igerageza kwibira amatora umugambwe uri ku butegetsi, Patriotic Front.

Avuga ko umugambwe wiwe ufise ivyemezo ko bamwe mu Banyazambiya bagize imisi mikuru, inyuma yuko komisiyo y’amatora itangaje amasezerano yagiraniye n’isosiyete, Al Ghurair Printing and Publishing.

Jack Mwiimbu, avuga ko umugambwe wiwe, UPND, ufise amazinda akomeye kw’amatora yimirije, atazoba yizigiwe. Amenyesha ko komisiyo y’amatora yotegerezwa gusubira ku ngingo yayo.

XS
SM
MD
LG