Gusubira kubandanya ibiganiro bigenewe guhagarika intamabara hagati ya Israeli n’Abanyapalestina, nivyo bizoshimikirwako, mu nama izoba mu ndwi iza i Paris mu Bufransa.
Ako kigoro kagenewe kumenya nimba abategetsi b’igihugu ca Israel n’Abanyapalestina bashobora gushika ku masezerano ya nyuma yubahiriza ibisabwa n’impande zose.
Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, azoba ari muri ivyo biganiro vyo kw’italiki zitatu z’ukwezi kwa gatandatu.
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israeli, Benjamin Netanyahu, yabwiye umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubufransa, ko Israeli idashigikiye ivyo biganiro, Ubufransa bwasavye inyuma yuko inyishu y’ugushiraho ibihugu bibiri isambutse mu mwaka w’i 2014.
Naho muri kahise amasezerano y’amahoro, mu karere ko mu buseruko bwo hagati atashoboye gushikwako, John Kerry, avuga ko kubandanya uwo mugambi ari ikintu babandanya gushimikirako.
Amenyesha ko perezida wa Amerika, Barack Obama, aciyemeje bikomeye ku