Uko wahagera

Burundi: Reta Aragabisha Abahungabanya Umutekano


Alain Guillaume Bunyoni, Umushikiranganji w'umutekano mu Burundi
Alain Guillaume Bunyoni, Umushikiranganji w'umutekano mu Burundi

Umushikiranganji w'umutekano mu Burundi Alain Guillaume Bunyoni aragabisha abashaka guhungabanya umutekano bakoresheje ubuhinga bwa none ko ubu igipolisi gifise ubuhinga bw'ukubafata gikoranye n'amashirahamwe y'ugutumatumanako amakuru.

Yabivuze kuruyu wa kane mu gihe kuva kuwa 17 gushika kuwa 20 uku kwezi ari imisi yitiriwe ubuhinga bushasha bwo gutumatumanako amakuru.

Bunyoni yibutsa ko ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru (Technologies de l’information et de la communication) mu gifaransa bwahinduye isi nk’agatumba ahumuntu wese azinanyi na mugenziwe.

Ariko Bunyoni avuga ko ubwo buhinga bumeze nk’umusozi wa bitemba amabi n’ameza.

Umushikiranganji w’umutekano yemeza ko abagerageza gukoresha ubuhinga bwa none bwo gutumatumako amakuru muguhungabanya umutekano canke kwiba n’ugutosekaza ishusho z’abandi badasiba gutabwa muri yompi.

Kw’itariki ya 17 ukwezi kwa gatatu uyu mwaka, umushikirnaganji w’ikigega ca leta yashizeho itegeko ribuza abantu gukoresha inumero zibiri zo mw’ishirahamwe rimwe ry’ugutumatumanako amakuru atabanje kubisabira uruhusha mu kigo c’igihugu kijejwe gucungera itumatumanako amakuru ARCT.

Ishirahamwe ritazovyubahiriza ritegerezwa kuriha ihadabu ry’imiliyoni 5 z’amarundi co kimwe n’iritazokwitwararika ko ata muntu akoresha inumero itanditse kw’izina ryiwe.

Ikiringo c’amezi abiri nico cari cahawe amashirahamwe kugira yerekane abantu bafise inumero irenga imwe n’igituma bazisavye.

Mu Burundi hari abantu imiliyoni zine bakoresha telephone ngendanwa ku Barundi barenga imiliyoni cumi gato. Ibice indwi kw’ijana muribo nibo bakoresha ubuhinga bwa none internet ku ma telefone yabo.

XS
SM
MD
LG