Uko wahagera

RDC: Katumbi Yarungikiwe Umutahe w'Ukumuhagarika


Moise Katumbi, umuyobozi w’abatavuga rumwe na Reta
Moise Katumbi, umuyobozi w’abatavuga rumwe na Reta

Reta ya Republika iharanira demokrasi ya Congo, yasohoye umutahe w’uguhagarika Moise Katumbi, umuyobozi w’abatavuga rumwe na Reta, arondera guhinganwa na Perezida Joseph Kabila, mu matora y’umukuru w’igihugu.

Umuvugizi wa Reta, Lambert Mende, yabwiye Ijwi rya Amerika, Servisi y’Igifaransa, ku wa kane, kw’umutahe w’uguhagarika Katumbi, wasohowe inyuma yuko yagirijwe icaha c’uguha akazi abacangero.

Uwuburanira Katumbi, Jean-Joseph Mukendi Wa Mulumba, yatangaje ko adashobora kwishura, gushika amenyeshejwe icese ku vyerekeye umutahe w’uguhagarika Katumbi.

Abanyamahanga bane, harimwo umwe muribo yahoze ari umusirikare w’Umunyamerika, bahagaritswe igihe hariko haba ikoraniro rya Katumbi, mu gisagara ca Lubumbashi, haheze indwi zibiri.

Katumbi, yatangaje ko ashaka kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije, muri Congo, yarahakanye ivyo Reta imwagiriza ko yariko ategura coup d’etat.

Yabwiye abashikirizamanza, mu ndwi iheze, ko atari azi ko umuhanuzi yarungikiwe n’isosoyete ijejwe umutekano y’Abanyamerika, yahoze ari mu gisirikare ca Amerika.

Irengero rya Katumbi, muri iki gihe, ntirizwi. Mu ntango z’iyi ndwi, yari mu bitaro mu gisagara ca Lubumbashi.

XS
SM
MD
LG