Uko wahagera

Ibyihebe Byaba Byahanuye Indege ya Misiri


Ibihugu abaguye mu ndege EgyptAir bakomokamo
Ibihugu abaguye mu ndege EgyptAir bakomokamo

Impanuka y’indege itwara abantu y’igihugu ca Misiri, yari igiye ku murwa mukuru Kayiro ivuye i Paris, mu Bufaransa, ishobora kuba yatewe n’igitero c’iterabwoba, ah’ukuba ibibazovy’ivyuma vy’iyo ndege.

Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe ivy’indege w’igihugu ca Misiri, Sherif Fathy.

Sherif Fathy, yavuze kuri iyo mpanuka mu gihe igikorwa c’ukurondera abari muri iyo ndege cariko kirabandanya mw’ibahari Mediterani. Iyo ndege itwara abantu y’igihugu ca Misiri yarimwo abantu 66, igihe yazimangana kuri radar, ku wa kane. Ivyo vyabaye gatoyi inyuma yuko yinjiye mu kirere c’ihigugu ca Misiri ivuye mu Bufaransa.

Amakuru ya mbere avuye, mu gihugu c’Ubugiriki, amenyesha ko kw’ibisigarira vy’iyo ndege bishobora kuba vyabonywe n'umuntu ari mu kirere.

Reta zunze ubumwe za Amerika ziriko zirafasha mu gikorwa c’ukurondera zikoresheje indege.

Ishirahamwe ry’indege zitwara abantu ry’igihugu ca Misiri, EgyptAir, rimenyesha ko ugushobora kuvugana n’abadereva b’iyo ndege, Airbus A320, vyahagaze hafi y’isaha umunani n’igice zo mw’ijoro, mu masaha y’ i Kayiro, igihe iyo ndege yari hejuru y’imetero ibihumbi cumi na kimwe, mu kirere, no ku bilometero cumi na bitandatu mu kirere c’igihugu ca Misiri.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubugiriki, Panos Kamennos, avuga ko iyo ndege yakase vyihuta incuro zitari nke, itangura kumanuka vyihuta, imbere izimangana kuri radar.

XS
SM
MD
LG