Uko wahagera

Venezuwela: Perezida Nicolas Maduro Asabwa Kuva Ku Butegetsi


Mu gihugu va Venezuwela, abarongoye abatavugarumwe na reta hamwe n’abandi badashimishwa n’ibikorwa vya reta basaba Perezida w'ico gihugu Nicolas Maduro kuva ku butegetsi.

Ao batavugarumwe n'ubutegetsi kuwa gatatu bazindukiye mu mabarabara yo k’umurwa mukuru Caracas mu myigaragamvyo ariko igipolisi n’abasirikare babirayemwo babateramwo ivyuka bikoroza amosozi.

Amakuru atangwa n’ibinyamakuru vyo muri Venezuwela amenyesha ko abo barongoye imigambwe itavugarumwe n’ubutegetsi bagiriza ubutegetsi gushaka gutevya amatora ya kamarampaka mu gushaka kuyatunganya mu mwaka w’2017.

Ubutegetsi ngo bwoba bushaka ko ubutegetsi bwoca bwegukira icegera c’umukuru w’igihugu Aristóbulo Istúriz ari mu mugambwe uri k’ubutegetsi.

Perezida Maduro yagiriza abatavugarumwe nawe kugomba gusenyura ubutegetsi bwiwe bafashijwe na Leta zunze ubumwe z’Amerika.

XS
SM
MD
LG