Uko wahagera

Amerika Iriteguriye Kurwanya Reta ya Kiyislamu muri Libiya


A man whose body is covered with bees poses for a picture in Tabuk, Saudi Arabia.
A man whose body is covered with bees poses for a picture in Tabuk, Saudi Arabia.

Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kiriteguriye gufasha kumenyereza n’ugutanga ibikoresho, mu gikorwa c’ukurwanya umurwi w’intagondwa witwa, Reta y Kiyislamu, mu gihugu ca Libiya, igihe Reta y’ico gihugu izoba ivyiteguriye.

Ivyo vyatangajwe n’umuyobozi w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika, mu karere ka Afrika, AFRICOM, ku musi wa kabiri.

Umuyobozi mukuru w’ibiro AFRICOM, Jenerali David Roadriguez, yongeye amenyesha ko politike mu gihugu ca Libiya yatumye bitoroha kumenya nimba imirwi yitwaje ibirwanisho irwana ku ruhande rwa Reta canke irwanya Reta.

Ivyo vyatumye Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizera kuri Reta mfatakibanza ya Libiya, kugira zimenye abari kumwe n’abatari kumwe nayo.

Imirwi y’abarwanyi izogira uruhara mu guhagarika ugukwiragira kw’umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya Kiyislamu, niyo inteko zizigiwe zamenyekana, zigafashwa. Umuyobozi mukuru w’ibiro, AFRICOM, Jenerali David Rodriguez, avuga ko yamara batarashika aho ivyo vyoba.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ryarafatiye igihugu ca Libiya ibihano, mu vya gisirikare, kugira ibirwanisho bikomeye ntibije mu minwe y’abagira iterabwoba, n’imirwi y’abarwanyi ihiganirwa ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG