Uko wahagera

Amerika: Trump Ariteguriye Kuganira na Kim Jong Un


Umukandida w'Umurepubulika Donald Trump
Umukandida w'Umurepubulika Donald Trump

Donald Trump, abonwako ariwe azoserukira umugambwe w’Abarepublika mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe muri Reta zunze ubumwe za Amerika, avuga ko yiteguriye kuvugana n’umutegetsi w’igihugu ca Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, kugira bifashe guhagarika umugambi werekeye ibirwanisho ruhonyanganda w’ico gihugu.

Yongeye kandi avuga ko yokoresha, ivyo yavuze kwari inguvu Amerika ifise, mu vyerekeye ubutunzi, ku gihugu c’Ubushinwa mu guhimiriza abategetsi b’ico gihugu, kugira bafashe gutora inyishu.

Ejo ku musi wa gatatu, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, bwamenyesheje ko bushigikiye icifuzo ca Donald Trump, c’ukuvugana n’umutegetsi wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, ata wundi muntu baciyeko.

Ubushinwa, na Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyarifatanije na Koreya y’epfo, Uburusiya n’Ubuyapani, mu biganiro na Koreya ya ruguru, bigenewe kugabanya ibikorwa vyerekeye ubuhinga bwa nucleaire vya Koreya ya ruguru. Yamara ako kigoro karasambutse mu mwaka w’i 2008.

Jake Sullivan, yahoze ari umuhanuzi wa Hillary Clinton ,yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta ya Amerika, yaranebaguye ivyatangajwe na Donald Trump.

XS
SM
MD
LG