Uko wahagera

Nigeriya: Umwe mu Bigeme Banyurujwe na Boko Haram Yatowe


Nigeriya kw'ikarata
Nigeriya kw'ikarata

Umwigeme ari mu banyurujwe n’umurwi Boko Haram, mu gisagara ca Cibok, mu gihugu ca Nigeriya, yatowe ari muzima.

Uwo mwigeme yitwa, Amina Ali Nkeki, n’umwe mu bigeme amajana abiri na cumi n’icenda banyurujwe haraheze igikiringo kirenga imyaka ibiri.

Tsambido Hosea Abana, ayoboye ababa mu gisagara ca Chibok, yanditse ku rubuga Twitter avuga ko, Amina Ali Nkeki, yatowe mw’ishamba rya Sambisa, mu karere ka Reta ya Borno, ejo ku musi wa kabiri.

Yatowe ariko azerera mw’ishamba rya Sambisa.

Ivyabona bavuga ko yari kumwe n’umwana igihe yatorwa.

Umurwi Boko Haram, wanyuruje abanyeshule b’abigeme amajana abiri na cumi n’icenda mu buraro bwabo, mu gisagara ca Chibok, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeriya.

Amina Ali Nkeki, umwe muri abo bigeme banyurujwe, yari afise imyaka cumi n’indwi igihe yanyuruzwa. Yagarukanywe mu gisagara ca Chibok, ejo ku musi wa kabiri mw’ijoro. Mu nyuma yaho yarasubiye guhura n’umuryango wiwe.

XS
SM
MD
LG