Uko wahagera

USA: Birimaniya Catezuriwe Ibihano


BaraCk Obama na Aung San Suu Kyi atavugarumwe n'ubutegetsi muri Birimaniya
BaraCk Obama na Aung San Suu Kyi atavugarumwe n'ubutegetsi muri Birimaniya

Leta zunze ubumwe z’Amerika yaratezuriye ibihano muvy’ubutunzi yari yafatiye igihugu ca Birimaniya.

Ivyo Amerika ibikoze kugira ishigikire ico gihugu kiriko kirahindura ibitari bike muvya politike kandi igifashe mu kwiteza imbere no guhanahana ibidandazwa na Amerika.

Amashirahamwe indwi hamwe n’ama banki atatu nivyo bikuwe ku rutonde muvyari vyafatiwe ibihano vy’ubutunzi.

Ariko naho biruko hari ibihano itakuye cane cane ivya gisirikare kugira igondoze ico gihugu mubijanye no kwubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu.

Ico gihugu kandi gihorwa kugiranira urudandazwa na Koreya ya ruguru isanzwe idacana uwaka na Amerika.

Abategetsi ba Amerika batangaje iyo ngingo ejo kuwa kabiri, mugihe kw’italiki 22 z’uku kwezi sekreteri wa reta wa Leta zunze ubumwe z’Amerika John Kerry ategekanya kugendera ico gihugu ca Birimaniya.

XS
SM
MD
LG