Amashirahamwe y’abakozi hamwe n’abahurikiye mu mashirahamwe ya sosiyete sivile muri Nijeriya bari mu myiteguro yo kwigaragamvya kur’uyu wa gatatu biyamiriza iduzwa ry’igiciro c’igitoro mur’ico gihugu.
Ayo mashirahamwe amenyesha ko aserukira abakozi baharuwa ku miliyoni zitandatu n’ibice bitanu. Bagiriza reta ya Nijeriya ko yadugije igitoro ku bice bishika 70 kw’ijana.
Umunyamabanga mukuru w’urwo runani ruhurikiwemwo abakozi n’abo mu mashirahamwe ya sosiyete sivile, Abiodun Aremu, amenyesha ko ibiganiro vyo kugerageza guhagarika iyo myigaragamvyo ataho biriko birashika.
Mu ntango z’uku kwezi kwa gatanu, Reta ya Nijeriya yaradugije ibiciro vy’igitoro ku bice 2 kuri 3 bivanye n’uko igitoro cimburwa ari gike kandi n’amafaranga yataye agaciro.
Nijeriya kizeye ubutunzi ku vyo gishorera hanze, harimwo n’ibitoro vyagiha ibice 70 kw’ijana muyo cinjiza.