Uko wahagera

Amerika Iracafise Igihagararo muri Iraki


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry na mugenzi we w’Uburusiya Sergei Lavrov
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry na mugenzi we w’Uburusiya Sergei Lavrov

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry ariko arondera kubeshuza ibivurwa ko Amerika yananiwe mu twigoro tw’ukugabanya inguvu za Reta y’igihugu ca Siriya.

Ivyo abivuze mu gihe ibitero vy’indege z’ingwano z’igihugu c’Uburusiya vyatumye abarwanya ubutegetsi batakaza ubutaka bari bafashe, muri Siriya.

Kerry avauga ko Amerika igifise uruhara rukomeye muri Siriya.

Amenyesha ko perezida wa Siriya, Bashar al Assad n’abamushigikiye batazokwigera bahagarika ingwano igihe cose bazokwanka kuganira inyishu iciye mu biganiro.

Ingwano imaze imyaka itanu mu gihugu ca Siriya niyo yashimikiweko n’abaserukiye ibihugu vyabo ku wa kabiri i Geneve, mu gihugu c’Ubuswisi.

Abaserukiye ibihugu bijejwe kwihweza ibibazo vyo muri Siriya, bahuye kugira baganire ibiganiro vya politike vyahagaze, ibibazo vyerekeye kubandanya kwubahiriza amasezerano y’uguhagarika ingwano n’ibikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U vy’uguha imfashanyo abanyagihugu.

Amasezerano y’uguhagarika ingwano yagiye mu ngiro mu mpera z’ukwezi kwa kabiri, yatumye ubwicanyi muri rusangi bugabanuka muri Siriya, yamara intambwe zari zagezweko zarasubiye inyuma.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya biriko bigerageza gukoresha igihagarararo cazo kugira zumvishe impande zishamiranye kwubahiriza amasezerano y’uguhagarika intambara. Izo mpande zibiri ziriko kandi zigerageza gushigikira ibiganiro vy’amahoro ata ntambwe ziboneka vyagize gushika ubu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, barabonanye ku musi wa mbere kugira baganire uruhagarara n’ingwano muri Siriya.

Abo batagetsi babiri bumvikanye ku vyerekeye gufasha guhagarika ubwicanyi n’ukworohereza igikorwa c’uguha imfashanyo abanyagihugu

XS
SM
MD
LG