Uko wahagera

Burundi: Kunywanisha Abarundi Bisaba Iki?


Abantu bavuga ko bahoze barwanya ubutegetsi, bishikanye imbere y'abapolisi.
Abantu bavuga ko bahoze barwanya ubutegetsi, bishikanye imbere y'abapolisi.

Haraheze imyaka irenga 44, mu Burundi habaye ubwicanyi, bamwe bavuga ko ryari ihonyabwoko ry’abahutu.

Haraheze kandi imyaka irenga 23 habaye ubundi bwicanyi bukomeye mu Burundi bwahekuye abavyeyi isinzi, bo mu bwoko bwose.

Kuva Uburundi buronse intsinzi y’ukwikukira, harabaye ubwicanyi bukabije, bwagiye buraba mu myaka itandukanye. Harabaye ubwicanyi bukomeye mu mwaka w’1965; harabaye ubwicanyi bamwe bita ihonyabwoko mu mwaka w’1972.

Ubundi bwicanyi bukomeye bwabaye muri Ntega na Marangara mu mwaka w'1988, harabaye kandi ubwicanyi mu mwaka w’2015, kandi bubandanya mur’uyu mwaka turimwo wo mu 2016.

Mbega ikintu gituma abarundi bama bacanyemwo n’ikihe? Mbega mu vy’ukuri bapfa iki?

Mu kignairo Murisanga, twaraganiye n’abashingantahe bakwirikiraniye hafi ubwicanyi bwagiye burahekura Abarundi. Abo porofeseri Deogratias Nkinahamira hamwe na Terrence Mushano, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe AC Genocide.

please wait

No media source currently available

0:00 0:51:08 0:00

XS
SM
MD
LG