Uko wahagera

Amerika: Amatora mu ma Reta ya Kentucky na Oregon


Hillary Clinton, na Senateri wa Reta ya Vermont, Bernie Sanders
Hillary Clinton, na Senateri wa Reta ya Vermont, Bernie Sanders

Hillary Clinton, yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na Senateri wa Reta ya Vermont, Bernie Sanders, barahangana mu matora ya mbere, kuri uno wa kabiri, mu ma Reta ya Kentucky na Oregon.

Abitegereza ibintu baribaza nimba Hillary, ashobora gutera yegereza gukwiza amajwi azotuma agenwa guserukira umugambwe w’Abademokrate, mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Hillary, ariko arondera kuba umukuru w’igihugu wa mbere w’umupfasoni, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ari imbere biboneka ya Sanders.

Sanders, yiyita umudemokrate w’umusosilaliste, aremera ko adafise amahirwe menshi y’ugutsindira kugenwa n’umugambwe wiwe, kugira awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Ivyatohojwe yamara vyerekana ko Sanders ashobora guhinanwa bikomeye kurusha Hillary Clinton, na Donald Trump - umurwizatunga akomeye, abonwa ko ariwe azogenwa n’umugambwe w’Abarepublika, kugira awuserukire mu matora y'uyu mwaka.

Bernie Sanders, yiyemeje kuguma ahiganwa na Hillary gushika kuri Reta ya nyuma, mu ntango z’ukwezi kwa gatandatu.

XS
SM
MD
LG