Uko wahagera

Isuku rike Ku Ibagiro Mu Ntara Ya Rutana


Abanyagihugu babangamiwe n'umunuko uva muri iryo bagiro.
Abanyagihugu babangamiwe n'umunuko uva muri iryo bagiro.

Isuku rike riri ku ibagiro ry'ibitungwa mu ntara ya Rutana, rirabangamiye abanyagihugu baba mu micungararo yaryo. Abo banyagihugu babangamiwe n'umunuko uva muri iryo bagiro. Bamwe mu bayangayanga bahabagira bobo basaba kuronswa amazi kuri iryo bagiro.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika avuga ko umunuko warabaye umubanyi wa bamwe mu banyagihugu baba ku mugwa mukuru w'intara ya Rutana.

Uyo munuko uva ku micafu iri mu ibagiro. Iryo bagiro ryubatswe nk'ihangare rikijwe n'inkingi zisakaye. Rifise nkimetero cumi kuri zitanu.

Ikintu conyene cerekana ko hari ibagiro,ni umugende w'amaraso biboneka ko harimwo mashasha n'ayahamaze imisi.

Ukwaguka kw'igisagara ca Rutana kwatumye mu micungararo y'iryo bagiro hubakwa amazu ya kijambere. Bamwe mu bubaka ayo mazu bayaze n'Ijwi ry'Amerika bavuze ko vyari bikwiye ko iryo bagiro ryimugwa.

Abayangayanga bahora bahabagira batashimye ko tubavuga amazina, baraduhishutse ko ubukene bw'amazi butaborohereza gukorera isuku kuri iryo bagiro.

Musitanteri wa komine Rutana Isidora Nkundizanye amenyesha ko mu buyobozi ico kibazo bakizi kandi bamaze kw'itura ishirahamwe REGIDESO rijejwe ivyo gutanga amazi n'umuyagankuba.

Bararindiriye ko ico kibazo gitorerwa inyishu.

XS
SM
MD
LG