Uko wahagera

Turukiya Kimeze Magabo Kubwa ISIS


Igihugu ca Turukiya k’umusi wa mbere cari mu bihe bidasanzwe vyo kumera magabo, inyuma yaho abategetsi bajejwe iperereza bagabishije ko umuhari wa reta ya Kiyisilamu uriko utegura guturitsa amabombe atari make.

Ni mugihe Turukiya kiri mu myiteguro yo guhimbaza umusi mukuru w’igihugu aho bibuka uwitwa Mustafa Kemal Ataturk, avugwa ko ariwe yashinze ico gihugu ca Turukiya, umusi mukuru uzohimbazwa ku musi wa kane.

Ibinyamakuru vyo muri Turukiya, vyamenyesheje ko abarwanyi bashika cumi ba Leta ya Kiyisilamu bajabutse muri Turukiya bavuye muri Siriya, baza bari mu gisagara ca Gaziantep, ahasanzwe harangwa uwo muhari.

Ambasade ya Leta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’ibigo vya gisirikare vyo ku murwa mukuru wa Turukiya, Ankara biri ku rutonde rw’ahazoterwa.

Umuhari wa Leta ya Kiyisilamu uramaze kwemanga ko ariwo wagavye ibitero bitari bike muri Turukiya mu mezi aheze, ibitero vyahitanye abatari bake, bikomeretsa abaharurwa mu majana.

XS
SM
MD
LG