Uko wahagera

Inzara muri Afirika y’Ubumanuko


Abanyagihugu ba Malawi batondeye imfashanyo za PAM
Abanyagihugu ba Malawi batondeye imfashanyo za PAM

Abantu baharurwa mu miliyoni 28 bo mu bihugu vyo mu karere ka Afrika ya mu bumanuko bugarijwe n’inzara.

Amakuru atangwa n’umumenyeshamakuru w’ijwi ry’Amerika muri Zimbabwe, Sebastian Mhofu, amenyesha ko isi ndimwa mur’ivyo bihugu yagadutse, inzuzi zarakamye, abantu ntibakirima, bivanye n’uruzuba rwahitiye mur’ako karere.

Umunyamabanga mukuru w’umuryango utabara imbabare kw’isi Croix Rouge, Elhadj As Sy atera akamo amakungu ngo agarukire kur’abo banyagihugu.

Amenyesha ko ibihugu bibangamiwe kuruta ibindi ari Malawi na Zimbabwe.

Uwo mutegetsi amenyesha ko agiye gusaba amakungu imiliyoni zishika 150 z’amadolari kugira bahangane n’ico kiza c’inzara.

Mu kwezi kuza hategekanijwe inama mpuzamakungu izokwiga inyishu botorera ibiza nk’ivyo, harimwo n’ico kiza c’inzara mu bumanuko bwa Afirika, inama izobera mu gihugu ca Turukiya.

Iyo nama izokwitabwa n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’amashirahamwe ajejwe gutabara imbabare.

XS
SM
MD
LG