Uko wahagera

John Kerry Muri Arabiya Sawudite


John Kerry hamwe n'Umwami Salman wa Arabiya sawudite Mideast Saudi U.S. Kerry
John Kerry hamwe n'Umwami Salman wa Arabiya sawudite Mideast Saudi U.S. Kerry

Sekreteri wa reta wa Leta zunze ubumwe za Amerika John Kerry, ari mu rugendo mu gihugu ca Arabiya Sawudite, urugendo agize imbere y’ibiganiro bitegekanijwe mu mpera z’indwi iza ku ntambara ziriko zirabera mu burasirazuba bwo hagati.

Kerry yashitse muri Arabiya Sawudite ku musi wa gatandatu, aho yagiye gutegura ibiganiro bishasha kuri Siriya, Libiya na Yemeni.

Kerry yarabonanye n’abategetsi batandukanye ba Arabiya Sawudite, harimwo n’umwami Salman w’ico gihugu, aho baganiriye ku ntambara zibera mur’ako karere.

Ku musi wa kabiri, intumwa z’ibihugu 17 biriko birafasha mugutorera umuti intambara muri Siriya, bazokoranira I Vienne muri Autriche aho bazoganira ku biganiro bisa n’ivyahagaze.

Bazoganira kandi ku ntambamyi ziri ku kwubahiriza amasezerano yo guhagarika imigwano yateweko umukono mu kwezi kwa kabiri, bongere barabire hamwe ibijanye no gushikana imfashanyo ku banyagihugu basinzikajwe n’intambara.

XS
SM
MD
LG