Uko wahagera

Yemeni: Umwiyahuzi Yishe Abantu 25


Igisagara ca Mukalla, muri Yemen
Igisagara ca Mukalla, muri Yemen

Mu gihugu ca Yemeni abantu 25 barapfuye, abandi 60 barakomeretswa na bombe yaturikijwe n’umwiyahuzi mu kibanza co kwinjirizamwo abapolisi bashasha.

Ico gitero cabaye kuwa mungu mu gisagara citwa Al Mukala kiri ku nkengera z’ikivuko mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Yemeni.
Umuhari wa Leta ya Kiyisilamu uriyemerera ko ariwo wagavye ico gitero.

Mu kwezi guheze, abasirikare ba reta ya Yemeni yemewe n’amakungu niho bigarurira ico gisagara bagikuye mu minwe y’umugwi w’iterabwoba wa al-Qaida, wari umaze umwaka wose waracigaruriye.

XS
SM
MD
LG