Uko wahagera

BURUNDI: Ubulaya Bwahaye Imfashanyo Abanyagihugu


Abavuzi b'ingoma
Abavuzi b'ingoma

Umurwi nshingwabikorwa w’ishirahamwe ry’ibulaya,wasohoye urwandiko ruvuga kw’ishirahamwe ry’ibulaya ryafashe ingingo yo gutanga imfashanyo y’imiliyoni 55 z’amafranga y’amaEuro, agenewe gufasha abarundi mu bitasa bitandukanye, birimwo amagara y’abantu; ibifungurwa hamwe n’ingaburo.

Ku musi wa gatanu, ishirahamwe ry’ibulaya ryarafashe ingingo zibiri zikomeye zo gufasha abarundi.

Ingingo ya mbere n’ingingo itanga umutahe w’imiliyoni 40 z’amafranga y’amaEuro, azokoreshewa mu vyerekeye kunagura amagara y’abantu, hamwe n’iyindi ngingo y’umutahe w’imiliyoni 15 y’amaEuro, azokoreshwa mu migambi yo gushigikira abanyagihugu mu gihugu hagati, hamwe n’ukunagura uburyo abanyagihugu bafungura.

Iyo migambi yose uko ari ibiri, izoshirwa mu ngiro n’amashirahmwe ategamiye amareta hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu, inyuma y’aho ishirahamwe ry’ibulaya rifatiye ingingo yo kudaha Uburundi imfashanyo icishijwe muri reta.

Umutegetsi arongoye umurwi w’ishirahamwe ry’ibulaya ujejwe gufashanya n’amakungu hamwe n’iterambere, Neven Mimica, yagize ati: Abarundi bonyene nibo babonye amakuba y’uruhagarara rwa politike, rwaje gusongera isibe.

Ati iyo ngingo yo gutanga iyo mfashanyo irerekanye kw’ishirahamwe ry’ibulaya ryiyemeje kubandanya rifasha abarundi, naho gushika ubu, abarundi batarashobora gutorera inyishu ibibazo vya poltitike biri hagati yabo.

Imfashanyo yerekeye imigambi yo guteza imbere abanyagihugu bo mu gihugu hagati, izoshimikira cane cane ku kuduza umwimbu hamwe n’uguha akaryo abanyagihugu, ko kuronka imbuto zo guteragira, ibitabizo, hamwe no kubaronsa inyigisho zo kworora.

Imfashanyo yerekeye imigambi yo kunagura amagara y’abantu, izokwitaho cane cane abapfasoni bibungenze hamwe n’abana bafise imyaka iri musi y’itanu, mu maprovince 18 y’Uburundi.

XS
SM
MD
LG