Uko wahagera

Papa Ati, Abadiyakoni b’Abakenyezi muri Kazoza


Papa Fransisiko umwungere wa Ekleziya Katolika
Papa Fransisiko umwungere wa Ekleziya Katolika

Umwungere wa Ekleziya Katolika kw’isi, Papa Fransisiko yatangaje ko yipfuza gushinga umugwi wiga ko abakenyezi bokwemererwa gushingwa imirimo y’Ubudiyakoni muri Ekeleziya Katolika.

Ivyo Papa Fransisiko yabitangaje kuwa kane I Roma aho yari mu nama yagiranye n’abakenyezi bashika 900 basanzwe bafise imirimo muri Ekeleziya, inama iba gatatu buri mwaka. Ni mugihe ayo mabanga gushik’ubu akorwa n’abagabo gusa.

Abadiyakoni bahezagirwa kurangura amabanga atandukanye muri Ekleziya, ariko si abasaseredote.Yamara bashobora gushingira ubugeni, barashobora kandi gukora umuhango wo gutanga ibatisimu canke kubatiza, ndetse barashobora no kwamamaza ubutumwa.

Ico batemerewe n’ukurongora inkuka y’imisa canke kwiregesha abantu.

XS
SM
MD
LG