Uko wahagera

CPI Isaba Uganda Guhagarika Perezida Bashir


Perezida Omar al-Bashir
Perezida Omar al-Bashir

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’ I La Haye mu Buholande isaba igihugu ca Uganda guhagarika Perezida wa Sudani Omar Hassan al-Bashir.

Ivyo bishikirijwe mugihe Perezida Bashir ari mu rugendo rw’imisi ibiri yatanguye kuwa kane italiki 12 z'ukwezi kwa gatanu mur’ico gihugu c’Ubuganda.

Umuvugizi w’iyo sentare, Fadi el-Abdallah amenyesha ko mugihe Uganda kitomuhagarika, coba gisuzuguye imitahe ibiri mpuzamakungu yo guhagarika Perezida Omar al Bashir yasohowe n’iyo sentare.

Iyo Sentare yagiriza Bashir ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha bihohotera agateka ka muntu mu ntambara yo mu ntara ya Darfur.

Intambara yahitanye abashika ibihumbi 400, abarenga imiliyoni zibiri barateshwa izabo Yamara, abakurikiranira ibintu hafi bamenyesha ko Ubuganda butiteguye guhagarika uwo mutegetsi nyaburya igihugu ciwe kiri mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Bashikiriza ko Perezida Bashir yaremeshejwe na reta ya Kampala ko atazohagarikwa na nyaburya ari nayo yamutumiye ku mugaragaro.

XS
SM
MD
LG