Donald Trump, abonwa ko ariwe azoserukira umugambwe wiwe w’Abarepublika, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kwezi kw’icumi na rimwe, muri uyu mwaka, yabonanye, uno musi ku wa kane, n’umuyobozi w’inama nshingamateka, Paul Ryan, kugira baganira ivyo badahuriyeko.
Ivyo inyuma yuko Ryan agonanywe ku vyerekeye gushigikira Trump.
Umuyobozi w’umugambwe w’Abarepublika, Reince Priebus, yari muyi iyo nama i Washington, yarungitse ubutumwa kuri Twitter, avuga ko iyo nama yagenze neza cane. Ko ybaye intamzbwe nziza mu nzira y’ukwinga ubumwe, mu mugambwe w’Abarepublika.
Donald Trump, na Paul Ryan, babonanye mu kiringo kirenga isaha, inyuma yuko Ryan atangaje, mu ndwi iheze, ko ataritegura ku vyerekeye gushigikira Trump, mu mugambi wiwe w’uguserukira umugambwe w’Abarapublika mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe.
Yamara Ryan, yatangaje ko atazoshigikira Trump, kiretse ahinduye amajambo akarishe akoresha mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza, kandi yerekanye ko ashigikiye imigambi kama iranga umugambwe w’Abarepublika.