Uko wahagera

Bresil: Perezida Rousseff Yahagaritswe Mu Mabanga Yiwe


Perezida wa Brezil Dilma Rousseff
Perezida wa Brezil Dilma Rousseff

Abasenateri mu gihugu ca Brezil, bafashe ingingo, mu matora yo mu gitondo c’uno musi ku wa kane, y’uguhagarika Perezida Dilma Rousseff, mu mabanga yiwe y’umukuru w’igihugu.

Abashingamateka bariko bitegurira kumucira urubanza ku vyagirizo vyuko yahinduye ibitigiri vy’amafranga Reta ikoresha, kugira bimufashe mu gikorwa ciwe c’ukurondera gusubira kwitoza kuyobora igihugu mu mwaka w’i 2014.

Dilma Rousseff, muri iki gihe afise imyaka mirongo itandatu n’umunani, yagiriza abamurwanya ko bariko barondera guhungabanya Reta yiwe. Amenyesha ko demokrasi n’ibwirizwa shingiro bitegerezwa kwubahirizwa.

Icegera ciwe, Michel Temer, yamwigaramye, azorangura amabanga y’umukuru w’igihugu vy’agateganyo. Ivyo mu gihe hasigaye ikiringo kiri musi y’amezi atatu ngw’inkino mpuzamakungu za Olimpike zitangure mu gisagara ca Rio de Janeiro.

Azohangana n’ibibazo bikomeye cane mu vy’ubutunzi, bitari bwibonekeze mu kiringo c’imyaka itari mike. Brezil iriko kandi ihangana n’umugera wa Zika wiyadukije muri ico gihugu.

Inyuma y’amasaha agera kuri mirongo ibiri n’abiri y’impari, mu nama nkenguzamateka, ibice mirongo itanu kw’ijana gusa vy’amajwi nivyo vyari bikenewe, kugira urubanza rwa perezida Rousseff rutangure, kuvyo yagirizwa ko yaguranije amafranga mu mabanki ya Reta, kugira ahishe ibibazo vy’amafranga Reta ikoresha, yongere arihe amafranga agenewe imigambi y’ugufasha abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG