Uko wahagera

Rwasa Asaba Abanyakirundo Kwirinda Indyane


Rwasa
Rwasa

Mu rugendo umushingamateka Agathon Rwasa icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, Rwasa Agathon, yagiriye mu ntara ya Kirundo yabasavye kwirinda indyane za politike

Umuyobozi w’indero yafashe ijambo ubwabere avugako bariko baritegura neza kwakira abana barangije amashure shingiro. Ariko umwe mubayobozi b’amashure y’imyuga yavuze ko bafise ikibazo c’ibitabo kuko ivyo bari biteze bitabonetse biturutse kw’ihagarikwa ry’imfashanyo n’ingoma y’ububiligi

Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yasavye leta gusubiramwo kwihweza umugambi wo gushira mu minwe y’abikorera utwabo iyandikiro ry’ibitabo vy’inyigisho

Uwurongoye igisata c’uburimyi n’ubworozi nawe ati ico gisata cifashe neza ati yamara hariho utugorane tumwetumwe tujanye n’abanyagihugu bashobora kubura ibikoresho vy’uburimyi nk’ivyo guca imikobeko

Aha naho nyene icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka ashira uruhara kuri leta. Iciyumviro ciwe nuko leta yokura amakori kubikoresho abarimyi batobato bakenera

Muganga Jean Baptiste Nzorironkankuze arongoye intara y’ubuvuzi ya Kirundo yagarutse ku ngwara ya malariya ibandanya kubangamira amagara y’abantu, n’ikibazo c’umugambi wo kurondoka ku rugero utarashobora kunyura abanyagihugu

Rwasa Agathon icegera c’umukuru w’inama nshingamateka yasozereye urugendo rwiwe mu kugendera amashure mu makomine ya Kirundo, Ntega na Vumbi ashikiriza ubushimwe abanyeshure 3 barushije abandi amanota.

Iyi nkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Jean Bosco Ndarurinze ukorera mu Kirundo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:18 0:00

XS
SM
MD
LG