Uko wahagera

USA-FBI: Abaja Kwiyunga na ISIS Baragabanutse


James Comey, umuyobozi w'ibiro vya FBI muri Amerika
James Comey, umuyobozi w'ibiro vya FBI muri Amerika

Igitigiri c’abanyamerika bagerageza gusohoka igihugu baja kwifatanya n’umugwi wa leta ya Kiyisilamu caragabanutse kuva mu mwaka uheze.

Ivyo vyamenyeshejwe kuwa gatatu n’uwurongoye ibiro vya FBI, James Comey.

Amenyesha ko kuva mu mwaka w’2014 gushika mu gice c’umwaka w’2015, abanyamerika bava kuri 6 gushika ku 10 aribo basohoka igihugu buri kwezi baja kwifatanya n’uwo muhari mu burasirazuba bwo hagati.

Ati kuva aho FBI itanguriye kubacungera, ubu umunyamerika umwe niwe avugwa ko asohoka igihugu buri kwezi kwifatanya n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Comey amenyesheje ivyo, mugihe abagabo batatu b’abanyesomaliya barengukishijwe n’ubutungane muri reta ya Minnesota, bagirizwa kugomba kuja muri Siriya kurwana ku ruhande rw’uyo muhari.

Baharurwa mu bandi cumi bamaze kurengukishwa n’ubutungane muri Amerika kumvo nk’iyo.

XS
SM
MD
LG