Uko wahagera

Tuniziya: Abapolisi Batanye Mu Mitwe n’Abakora Iterabwoba


Mu gihugu ca Tuniziya, abapolisi bazindutse batana mu mitwe n’umugwi w’abantu bakekwa kuba abakora iterabwoba ejo ku musi wa gatatu.

Mur’uko gutana mu mitwe abapolisi bane barahasize ubuzima, hamwe n’abarwanyi babiri.

Igipolisi ca Tuniziya cateye inzu iri ku murwa mukuru Tunis yari yinyegejemwo abakora iterabwoba batari bake bava mu bice bitandukanye vy’igihugu bari mu nama yo gutegura igitero gikomeye muri Tuniziya.

Abarwanyi babiri barishwe, abandi 16 barahagarikwa n’igipolisi. Igipolisi kandi kimenyesha ko cafashe inkoho n’ama gerenade.

Igihugu ca Tuniziya nico cabaye igihugu ca mbere cirukanye umukuru w’igihugu mu cahitiye citwa “Printemps arabe” mu gifaransa, mu mwaka w’2011, ariko haracibonekeza imigwi y’abakora iterabwoba ihungabanya demokarasi itarashinga imizi mur’ico gihugu.

Umuhari wa Leta ya Kiyisilamu waragavye igitero cahitanye bamukerarugendo bashika 60 mu mwaka uheze mur’ico gihugu ca Tuniziya.

XS
SM
MD
LG