Abantu bashika 150, barimwo abana 11 bafise imyaka iri musi y’itandatu, barapfiriye mw’ibohero rya gisirikare iri mu mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu mur’uyu mwaka, nk’uko bishikirizwa na raport y’ishirahamwe mpuzamakungu rihanira agateka ka zina muntu, Amnesty International.
Ishirahamwe Amnesty International rivuga kw’abana barimwo inzoya, bari mu bantu 149 baguye mur’iryo bohero ryo mu makampi ya gisirikare ryiwa Giwa , ibohero kirangiranwa ryo mu gisagara ca Maiduguri, ryama yanebaguwe n’ishirahamwe Amnesty International.
Ayo makampi ya gisiriakare akoreshwa mu gupfunga abantu biketswe ko bari mu muhari Boko Haram: umuhari wigumuye umaze kwica abantu bashika ibihumbi 20 mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.
Igisirikare c’ighugu ca Nigeria kirahakana ayo makuru. Umuvugizi w’igisirikare, Rabe Abubakar yavuze kw’abategetsi bahaye intumwa z’ishirahawme Amnesty International uburenganzira bwo kwinjira mur’ayo makampi ya gisirikare mu mwaka uheze, kugira ngo nabo nyene birabire umutekano w’abana barekuwe.
Uyo muvuguzi ntiyashoboye kuvuga niba, hari abantu bapfiriye mur’ayo makampi mur’uyu mwaka.
Iyo raport y’ishirahamwe Amnesty international yasohowe uyu musi ku wa gatatu, ivuga kw’iryo bohero Giwa, mur’iki gihe ririmwo abantu 1200, benshi muribo bakaba bahagaritswe kivuga kandi bataracirwa urubanza. 120 mur’izo mbohe, n’abana