Uko wahagera

RDC: Perezida Kabila na Manda ya Gatatu


Perezida wa Republika iharanira Demokrasi ya Congo Joseph Kabila
Perezida wa Republika iharanira Demokrasi ya Congo Joseph Kabila

Sentare yo mu gihugu ca Repubulika Iharanira Demokrasi ya Kongo yafashe icemezo kivuga ko Perezida Joseph Kabila ashobora kuguma ku butegetsi, mu gihe ata matora yoba imbere y’uko ikiringo ciwe kirangira mu mpera z’uyu mwaka.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yatangaje iyo ngingo uyu musi ku wa gatatu, nk’uko umugambwe uri ku butegetsi, wari wabisavye.

Reta ya Republika iharanira demokrasi ya Kongo gushika ubu, ntirashikiriza ikirangamisi c’amatora, mur’iki gihe ikiringo ca Kabila, kigiye kurangira.

Perezida Kabila afise imyaka 44, ntiyemerewe n’amategeko gusubira kwitoza.

Mu kwezi kwa gatatu, Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, yarateye akamo igihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo, kayisaba gutunganya amatora ku gihe categekanijwe, kandi amatora yemewe; yubahiriza ibwirizwa shingiro ry’igihugu.

XS
SM
MD
LG