Uko wahagera

Kenya: Inyubakwa Zidakwije Ibisabwa Zabomowe


Reta ya Kenya yatanguye gusambura inyubakwa zubatwse mu buryo budakwije amategeko.

Iyo ngingo reta ya Kenya iyifashe inyuma yaho habomokeye igorofa ku murwa mukuru Nairobi, abatari bake barahasiga ubuzima.

Abatabara abantu baracabandanya kurondera ko hari abandi bantu borokora mu bisigarira vy’iyo gorofa imaze indwi irenga ibomotse.

Gushik’ubu havugwa abantu bashika 51 bapfuye, abandi 140 barashoboye kurokorwa.

Imiryango ishika 60 yaba mu nyubakwa z’amagorofa zitanu ziri mugace ka Huruma reta imaze gusambura iripfumbereje kuko itagira aho irambika umusaya.
Izindi nyubakwa zitanu zigiye kuzosamburwa. Abategetsi ba kenya bamenyesha ko zubatswe mu buryo butemewe n’amategeko, zimwe muri zo zubatswe ku nkengera z’inzuzi.

Reta ya Kenya imenyesha ko amagorofa 226 ariyo ari ku rutonde rw’izigiye gusamburwa mu micungararo ya Nairobi

XS
SM
MD
LG