Uko wahagera

Brezil: Akajagari Ku Mugambi w'Ukugura Perezida Rousseff


Perezida wa Brezil, Dilma Rousseff
Perezida wa Brezil, Dilma Rousseff

Waldir Maranhao, umukuru w’inama nshingamateka vy’agateganyo, yasubiye ku ngingo yiwe y’ugufuta umugambi w’ugukura ku butegetsi perezida Dilma Rousseff.

Impamvu y’iyo ngingo yafashwe gihutihuti ntizwi.

Muri iki gihe Waldir Maranhao, yasubiye icese ku ngingo yari yafashe ku musi wa mbere, umugambi w’ugukura perezida Roausseff ushobora kubandanya.

Niyo inama nkenguzamateka yashira perezida Rousseff imbere y’intahe, azoca aba arahagaritswe mu mabanga yiwe y’umukuru w’igihugu.

Icegera c’umukuru w’igihugu, Michel Temer, yahoze acuditse nawe, yamara muri iki gihe badacana uwaka, niwe azocaarangura amabanga y’umukuru w’igihugu.

Rousseff, yagirizwa ko yanyegeje ukugene ivyerekeye amafranga igihugu gikoresha vyifashe, igihe yarondera gusubira kwitoza mu mwaka w’i 2014.

Avuga ko abanyepolitike bamurwanya, harimwo Tener, bariko baratohozwa ku vyerekeye ruswa, bariko bagerageza kugira coup d’etat.

XS
SM
MD
LG